homepagekirundikirundi_Sports

Nzeyimana Mailo agiye kumenyereza Lipuli Fc yo muri Tanzania

Inyuma y’indwi n’igice atabarizwa mu mugwi wa Flambaeu du Centre Nzeyimana Mailo ubu abarizwa mu gihugu ca Tanzania mu mugwi wa Lipuli Fc ukina mu cicaro ca mbere.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2020 niho Nzeyimana Mailo yashize Umukono Ku masezerano yo kumenyereza umugwi wa Lipuli Fc mu kiringo c’umwaka umwe.

Nzeyimana Mailo akaba yagiye asize Flambeau du Centre yo mu ntara ya Gitega mu kibanza ca 2 muri kino gihe uwo mugwi uri mu kibanza ca 3 mw’ihiganwa rya Primus league Burundi .

Hampande yo kumenyereza Flambeau du centre yamenyereje n’migwi nka Espoir Fc wo mu Gatumba hamwe na Vital’o Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871