homepagekirundikirundi_Sports

Olivier Niyungeko ngo hasigaye ko barwanira icubahiro

Inyuma y’ugutsindwa n’umugwi wa Eritrea igitsindo 1-0 kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 09 Kigarama 2019, umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru aho yavuze y’uko icizere c’intamba mu rugamba co kubandanya mw’ihiganwa rya CECAFA Challenge Cup atari ikirenga, aho yagize ati :

“Icizere co kubandanya si ikirenga kuko amanota 6 asigaye ntawokwizeza ko ashobora kumujabukana ariko hasigaye ko turwanira icubahiro”.

Mukamenya y’uko urwo ari urukino rwa kabiri intamba zitakaje inyuma yo gutsindwa na Uganda ibitsindo 2-1. Intamba zikaba zisigaje inkino zibiri zitarakina aho twovuga nka Somalia hamwe Djibouti ikazitsinda bazoca baraba imigwi yagiye iratsindana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871