homepagekirundikirundi_Sports

Omar Ntakagero ntakibarizwa muri Buja city

Igihe kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 27 Gitugutu 2019, i Ngozi ku kibuga c’urukundo umugwi Messager Ngozi wari wakiriye Buja city mu rukino rw’indwi ya 11 ya Primus ligue aho urukino rwarangiye imigwi yompi inganije 0-0, umumenyereza wa Buja City Omar Ntakagero yabonetse i Bujumbura ku kibuga c’intwari mu rukino rwariko ruhuza Vital’o Fc hamwe na Bumamuru Fc mugihe umugwi wiwe wari waduze.

Indundi Sports ikaba yashoboye kwegera uyo mumenyereza kugira atange impavu yoba yatumye atajana i Ngozi n’umugwi Buja City yari asanzwe amenyereza. Omar Ntakagero akaba yishuye y’uko atakibarizwa muri uyo mugwi.

Akaba yagize ati” Sinkibarizwa mu mugwi Buja city muri kino gihe kumvo z’uko batigeze bakurikiza ivyo twari twasezeranye sinshaka kuvuga menshi murakoze”.

Ntakagero Omar akaba asanzwe ari icegera c’umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko.

Ni umwe mu bamenyereza bake bafise urupapuro rw’umutsindo rwa CAF ( Licence A) dufise hano iwacu mu Burundi.

Akaba yarakiniye umugwi Athletico Olympic aranawumenyereza, yaramenyereje kandi umugwi Royal Fc w’i Muramvya muri kino gihe yari asanzwe amenyereza umugwi Buja city.

Si iyo migwi yonyene yaranamenyereje kandi n’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka mirongo ibiri n’itatu (U 23).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871