CAN2019footballInfrastructuresInkinokirundi_Sports

Onesime umunyegori w’umwaka muri Primus league

Umunyegori wa  Messager Ngozi iherutse gutahukana igikombe ca Primus league Burundi umwaka wa 2019 ushira 2020 Rukundo Onesime niwe amaze kumenyekana ko yabaye umunyegori mwiza yaranze ihiganwa.

Mu nkino 30 , Messager Ngozi yakinye  , Rukundo Onesime yasamiye Messager inkino 28 yinjizwa ibitsindo 15 muri 18 binjijwe.

Onesime akaba yasivye mw’igori inkino zibiri gusa aho twovuga inkino zabahuje na Olympic Star y’i Muyinga.

Rukundo Onesime akaba ari umunyegori mwiza u Burundi bufise naho atararonka akaryo ko gusamira umugwi w’intamba wabakuze (Senior) ariko izabakiri bato nka U 23 zo yama atanguzwa mu kibuga rimwe rimwe.

Mukamenya ko uwo munyegori no mu mwaka uheze yavyifashemwo neza mbera aranatorwa nk’umunyegori mwiza yaranze ihiganwa anashirwa ku rutonde rw’abakinyi 11 neza baranze ihiganwa ryo mu mwaka wa 2018 gushira 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 316