abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Paul Pogba yagirizwa kuroga Kylian Mbappe

Uwusanzwe avukana n’umukinyi wo hagati wa Juventus Paul Pogba hamwe n’umuwgi nserukira gihugu w’ubufaransa  , Mathias Pogba yashize ahabona ibanga ry’uburozi mwene wabo yakoresheje kugira azoroge umusatirizi wa Paris Saint Germain ( PSG) hamwe n’ubufaransa Kylian Mbappe .

Mathia Pogba akaba yagize ati: “Igihe ibintu vyose bizoja ahabona, abantu bose bazobona ko ata kijuju, umuhemutsi, indyarya nkawe (Pogba) kuri iyi si”.

Mathias Pogba yongera ati:” Kylian Mbappe urabitahura? Nta nabi ndakwipfuriza, ibi ndabikora kubw’ineza yawe , ibintu vyose ni ukuri kandi biraboneka. Umurozi agomba kukuroga arazwi. Mbabajwe na mwene wacu umuntu avuga y’uko ari umu Islam akaja mu barozi. Ntabwo ari ibintu vyiza kugira umuntu w’indyarya nka Paul Pogba”.

Paul Nabil Pogba nawe yahavuye ava mu gacerere aho yahavuye yagiriza mwene wabo y’uko akorana n’abagizi ba nabi aho avuga  y’uko bagerageje kumutera ubwoba kugira abahe imiriyoni 13 z’ama Euro .

Hagati y’amagenekerezo ya 25 na 29 Ntwarante muri uwu mwaka w’i 2022, bamwe mu bantu bakuranye na Paul Pogba , bamutwaye mu nyubako iri mu gisagara ca Paris , baca bamwagiriza y’uko atigeze abafasha n’ikintu na kimwe kuva abaye umukinyi akomeye yabigize umwuga. Ku rundi ruhande hari abagabo babiri bari bafise inkoho aho bategetse Pogba ko atanga imiriyoni 13 z’ama Euro kugira ntibamumenere ibanga. Iryo banga ryari iryo gushira ahabona amajwi ariko asaba umurozi y’uko yoroga Kylian Mbappe.

Paul Pogba yaciye akora amatohoza asanga abo bagizi ba nabi bose bakorana na mwenewabo Mathias Pogba niho guca abwira abamuburanira mu mugwi Juventus maze nabo baca babimenyesha abajejwe umutekano mu gihugu c’Ubutaliyano .

Ikibazo gihari Paul Pogba , yoba ashaka kuroga Mbappe kugira bimumarire iki ? Mwene wabo Mathias Pogba yakoranye n’abo bagizi ba nabi kugira bimumarire iki?

Amatohoza aracabandanya.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320