abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

#Indundi Sports | Perezida wa kera wa Vital’o Fc yitavye Imana

Umunyarwanda yigeze kurongora umugwi Vital’o Fc mu mu myaka ya kera  Muramira Grégoire yitavye Imana biturutse ku ngwara .

Umuhisi Muramira yarafashije cane umugwi Vital’o Fc kuyishikana mu rukino rwa nyuma ( Finale) rwa CAF Champions League mu mwaka w’1992 rwahuje Vital’o Fc na Africa Sport d‘Abidjan.

Uno mugabo yagiye aragura abakinyi bakomakomeye nka Malick Jabir, Shundu , Mbuyi Jean Marie , Kitenge Débot, Kirahinduka Jean Pierre n’abandi.

Ico gihe uwo mugwi wamenyerezwa na Rashid Sheradi umunya Algeria afatanije na Kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé.

Umuhisi ari kumwe n’abakinyi ba Vital’o Fc kera

Umuhisi akaba ariwe yahora arongoye umugwi wa Academy Isonga yo mu gihugu c’Urwanda .

Mwomenya ko umugwi Vital’o Fc kera wari umugwi w’abantu baturutse hakurya i Kanyaru mu gihugu c’Urwanda .

Imana imwakire mu bwami bwayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 205