homepagekirundikirundi_Sports

Police Fc yaguze abarundi bane

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Mukakaro umwaka wa 2019, umugwi wa Police Fc werekanye abakinyi bashasha waguze bashika kuri 10 izokwifashisha mw’ihiganwa ry’umwaka uza mbere iranaha ikaze umumenyereza wayo mushasha w’umurundi imaze imisi isinyishije ariwe Haringingo Francis Mbaya .

Muri abo bakinyi Police Fc yaguze harimwo abarundi bashika kuri 4 .

1) Ni Munyaneza Yussuf umukunyi wa kera wa Vital’o benshi bazi kw’izina rya Ndikumana Yussuf lule mu mwaka uheze yakora akina mu mugwi Mukura Vs

2) Ndikumana Magloire yahora akina mu mugwi Olympic Star

3) Ndoriyobija Eric Evra umukinyi wa kera wa LLBS4A mu mwaka uheze yahora akina mu mugwi Stand United wo mu gihugu ca Tanzania

4) Nimubona Emery Kadogo nawe mu mwaka uheze yakina mu mugwi wa Bugesera Fc

Abo bakinyi b’abarundi bakaba baje muri uyo mugwi bahasanze abandi barundi bakina muri uyo mugwi wa Police aliwe Kevin Pastore hamwe na Hakizimana Issa benshi bazi kw’izina rya Vidic.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871