footballhomepageInkinokirundikirundi_SportsWorld News

Premier league : Inkino zigiye kubandanya

 

Igihugu c’ubwongereza camenyesheje y’uko amahiganwa yose yari yahagaritswe muri ico gihugu kumvo za Coronavirus agiye kubandanya kuva kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2020, ariko naho izo nkino zigiye kubandanya nta murorerezi n’umwe yemerewe kwinjira mu kibuga.

Bakaba bavuze y’uko abarorerezi bazokwemererwa kugaruka mu bibuga mpaka gushika igihe ikiza ca Coronavius kizoba cagabanutse ku rugero rushimishije .

Kakaba ari akanyamuneza kubatwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu bwongereza kuko bipfuza y’uko iryo higanwa ryorangira.

Mukamenya y’uko umugwi wa Liverpool ariwo ufata ikibanza ca mbere muri iryo higanwa ugakurikirwa na Manchester city.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891