homepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

# Indundi Sports| Président wa Flambeau de l’est arahakana ko yagurishije uwo mugwi

Uwusanzwe atwara umugwi Flambeau de l’est wo mu Ruyigi Claude Nkunzimana arahakana ko yagurishije uwo mugwi.

Mu misi iheze uruganda rwacu rwa indundi Magazine rwabarabashikirije inkuru ivuga y’uko umugwi Flambeau de l’est umaze kugurwa n’uwahoze atwara umugwi Vital’o Fc Djamal Seif , bukeye bw’aho Claude Nkunzimana yaciye abeshuza iyo nkuru .

Claude avuga y’uko bumvikanye na Djamal y’uko bagiye gufashanya na Djamal Seif kurongora uwo mugwi ariko ibivurwa y’uko yoba yawugurishije sivyo .

Ibiriko bivurwa y’uko yoba yagiye adasezeye Claude Nkunzimana arabihakana akavuga y’uko yagiye asezeye bamwe bamwe kandi n’urugendo yagize rwari urw’imisi mike ninayo mpamvu vyamubabaje kubona Djamal Seif yaciye yiyitirira y’uko ariwe atwara uwo mugwi.

Kuvyerekeye y’uko uwo mugwi yoba yawugurishije imiriyoni 25 navyo nyene arabihakana , wewe avuga y’uko amahera Djamal Seif yamuhaye yari ayo gufatanya iyo migwi 2, ivyo bita fusion.

Claude Nkunzimana yarangije asaba abakunzi b’umugwi n’abakinyi ko botekana ko bibaye ngombwa bazomenyeshwa impinduka iyariyo yose yoba muri uwo mugwi wabo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871