homepagekirundikirundi_Sports

Primus ligue : Iddy Muserem niwe mukinyi yaranze ukwezi kwa gitugutu

Ku musi wa gatatu  igenekerezo rya 13 Munyonyo 2019, niho hamenyekana umukinyi yatsindiye agashimwe k’ukwezi kwa Gitugutu 2019, uwagatsindiye akaba ari Iddy Muserem asanzwe akina mu mugwi wa Messager Ngozi akaba yariko aragahiganirwa na Elyphaz akinira mu mugwi wa Kayanza United hamwe na Raoul Vyamungu.

Uku niko bagiye barasumbanya amanota :

1) Iddy Museremu: 2213

2) Elyphaz Ndayisenga : 2098

3) Raoul Vyamungu : 1036

Ayo majwi yose angana n’5347 akaba yari yatowe n’abamenyeshamakuru b’inkino bakurikirana ihiganwa rya Primus ligue hamwe n’abarorerezi.

Iddy Museremu akazohabwa ibahasha ringana n’ibihumbi 250.000fb ata gihindutse ishirahamwe Brarudi risanzwe ritanga ako gashimwe rizokamuhereza i Ngozi ku kibuga c’urukundo imbere y’urukino rwitezwe cane ruzohuza umugwi Messager Ngozi hamwe na Ngozi city kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871