homepagekirundikirundi_Sports

Rayon sports yasavye Gormahia gutanga amadorari 150,000$ kuri Jules Ulimwengu

Umugwi Gormahia wo mu gihugu ca Kenya wipfuza bikomeye umusatirizi w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 ariwe Jules Ulimwengu.

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 15 Mukakaro umwaka wa 2019, niho hamenyekana amakuru avuga y’uko umugwi Gormhia wo mu gihugu ca Kenya uriko urondera umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba ariwe Jules Ulimwengu kugira aze gusubirira umunyarwanda Jacques Tuyisenge yamaze kugurwa mu gihugu ca Angola.

Rayon Sports ikicumva ayo makuru yaciye ishira ahabona igiciro c’amafaranga uyo mugwi wa Gormahia uzobaha ico naco ni amafaranga y’amanyamerika angana n’ibihumbi ijana na mirongo itanu (150.000$).

Ku makuru Indundi Sports yaronse kubegereye umugwi Rayon Sports n’uko uyo mugwi wa Gormahia wipfuza gutanga amadorari y’abanyamerika angana n’ibihumbi 18.000$ kuri Rayon Sports ariko ibiganiro bikaba bikibandanya ku mpande zompi.

Inyuma y’ayo makuru ariko aravugwa kuri uyo mukinyi Indundi Sports yegereye Jules Ulimwengu imubaza kuvyereyeke amakuru y’uko yoba yipfuzwa na Gormahia .

Jules Ulimwengu akaba yahakanye y’uko ata kintu nakimwe azi ku mugwi wa Gormahia bivugwa y’uko wamaze gutangura ibiganiro na Rayon Sports kugira azoze kuwukinira .

Akaba yagize ati : “ndatangaye cane ivyo bintu ntavyo nzi nanje nguma ndabibona kuri Facebook wosanga batanguye kuganira na Rayon Sports imbere y’uko banganiriza jewe kuko ndacafitaniye amasezerano na Rayon Sports”.

Jules Ulimwengu ntiyasivye kwemera y’uko hari imigwi itari mike imaze kumurondera muri kino gihe ariko ntibigeze bumvikana iyo migwi nayo ntiyashimye kuyishira ahabona atarahabwa uruhusha na Manager wiwe.

Yagize ati : “Ego hari imigwi myinshi tumaze kuyaga nayo ariko ntiturumvikana n’ubu hari n’iyindi migwi tukiri mu biganiro nayo”.

Ulimwengu Jules akaba ariwe yabaye umusatirizi wa mbere afise ibitsinrdo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda Azam Premier league aho yarangije afise ibitsindo 20 , asubira kandi aba umusatirizi wa mbere afise ibitsindo vy’inshi mu gikombe c’amahoro Peace Cup aho yarangije afise ibitsindo 7 muri kino gihe muri Cecafa Kagame Cup iriko ibera mu gihugu c’Urwanda akaba ari mu basatirizi bafise ibitsindo vyinshi aho amaze gutsinda ibitsindo 3.

Mukamenya y’uko Jules Ulimwengu yakiniye imigwi ya hano iwacu nka Les jeunes Athletic , LLBS4A , Vital’o Fc mu Rwanda naho akaba yakinye muri Sun Rise muri kino gihe akaba asanzwe akina muri Rayon Sports .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871