homepagekirundikirundi_SportsMiss EricaWorld NewsYvan muziki

Real Madrid yiteguye gutanga amafaranga y’umurengera kuri Mbappe

Naho bikigoye kwemera kubera amajambo aheruka kuvurwa na PDG wa PSG, hamwe na Mbappe ubwiwe, umurwi Real Madrid wo ngo woba witeguye kugwiza hafi kabiri ayo waguzwe na PSG.

Ikinyamakuru  AS co muri Espagne kivuga ko Florentino Perez  umukuru wa Real Madrid  avuga ko atari kugura Mbappe 180,000,000€ muri 2017 atazi ikizovamwo, ahubwo ngo ubu yotuma yemera kumugura 300,000,000€.

Naho wumva uwo murwi uheruka kugarukana umumenyereza Zidane, witeguriye kugura uwo mukinyi akomeye muri kino gihe, biragoye kwemera ko bizokunda kuko PDG wa PSG  avyamirira kure, kandi na Mbappe nawe akavuga ko uyu mwaka atiteze kuva muri uwo murwi.

Ariko uwo murwi wa Real wo ukaba utemeza canke ngo uhakane ko uriko uripfuza abakinyi bakomeye bo muri uwo murwi wa PSG, Mbappe na Neymar, nk’uko vyabonetse mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kwereka Zinedine Zidane.

Ariko mu kurindira ikizova mu biganiro bivurwa ko vyoba vyatanguye hagati ya Real Madrid hamwe na Mbappe, Zinedine Zidane yahereye ku ntsinzi y’ibitsindo 2 mu rukino ruheruka kubahuza na Ceta Vigo, I Madrid kuri uyu wa gatandatu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871