footballhomepagekirundikirundi_Sports

Reveriyano Ndikuriyo ati : «Inter Star na Vital’o Fc barateye isoni »

Mugihe yari ahejeje gutanga ibikoresho vyo gukina ku migwi yo mu vyicaro vya hano iwacu Nyakubahwa Reveriyano Ndikuriyo asanzwe arongoye inama Nkenguzamateka akongera agatwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yavuze y’uko Inter Star na Vital’o badashobora kumubwira ingene bamaze imyaka hafi 100 batagira n’ikibuga c’imyimenyerezo ngo bari bafise vision canke vyari ibintu vya ambiance gusa .

Akaba yagize ati ” jewe mvuga uko nyene kandi sintinya murambabarira naho boba bari ngaha Inter Star na Vital’o Fc ntimushobora kumbwira ingene mumaze imyaka ishika hafi 100 mutagira n’ikibuga c’imyimenyerezo ntibibaho none wari ufise Vision canke vyari ibintu vya ambiance gusa , erega n’ubu ndakigarukako kuko mwagomvye kukifatako nkikosa ngo nabatutse si gutukana ufise Vision urashiraho n’integuro ukavuga uti mu mwaka uyu nzoba ngeze aha n’aha ”

Reveriyano Ndikuriyo akaba yavuze y’uko bari bafise umugambi w’uko muri Mairie bahashira ama synthetic abiri mugabo iyo project yo kwubaka ikibuga c’igihugu caciye kibihagarika kubera amahera yose n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rizoyariha .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891