footballhomepagekirundikirundi_Sports

Reveriyano Ndikuriyo ngo ntazosubira kwitoza muri FFB

Hari ku musi w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020, isaha zitanu 11h00 zo mugitondo Ku kibuga ca CTN ( Centre Technique National ) aho Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Honorable Reveriyano Ndikuriyo atwara inama nkenguzamateka mu Burundi yari yaramutse atanga ibikoresho Ku migwi yo muvyicaro vya hano iwacu .

Muri amwe mu majambo yashikirije uyo musi yavuze y’uko atazosubira kwitoza kandi mu bantu bazorongora Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ariko naho biruko ngo nta nakimwe kizohagarara kuko azoba ari mu mupira ngo rero nta nakimwe kizohinduka ahubwo bizokwama bibandanya vyiyongera .

Akaba yagize ati ” Narababwiye ko mu mwaka uza je nzokinjura gatoya. Mugabo tuzopanga nta nakimwe kizohagarara kuko tuzoba turi mu mupira twese, tuzokwama turi aba Prive benvestisa mu mupira hose kandi ivyo mubona nta nakimwe kizohinduka bizokwama bibandanya vyiyongera kuko twese tuzoba turimwo , tuzotanga ama Sponsor gusumba aho uza wizera ivyo abantu bakurungikiye ni gutanga nawe kugira ukontorore abantu “.

Horobale Reveriyano Ndikuriyo kuva  atwara Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB amaze gushika ku bitari bike abandi batigeze bashikako muri bimwe muvyo amaze gufasha twibuka akaba ari ibi bikurikira.

– Mu mwaka wa 2014 Uburundi bwarakinye ubwa mbere CHAN

-Mu mwaka wa 2019 Uburundi bwarakinye CAN ku ncuro ya mbere muri Egypt ibitari bwakorwe n’uwariwe wese

– 2019 , Uburundi bwarakinye CAN y’abatarenza imyaka 20 muri Niger

– Harabaye qualification Ku bahungu no Ku bakobwa mu bice vyose

– Guteza imbere inkino za Soccer Beach

– Kwukaba ibibuga biriko imisezero ya kijambere aho twovuga nk’ikibuga c’ Ingoma kiri i Gitega , ikibuga ca Peace Park complex kiri i Makamba , ikibuga c’Urukundo kiri i Ngozi , ikibuga c’umuco kiri i Muyinga, ikibuga c’urunani kiri mu Cibitoke , hamwe n’ikibuga co mu Ruyigi.

– Uburundi bwarakiriye Cecafa ya U 17

– yaradugije nama Prime de Match Ku bakinyi b’intamba mu rugamba

– Yasavye amashiramwe guterara Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba igihe wariko uritegurira inkino za CAN kandi vyarakozwe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891