footballIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Rukundo Abdoulrahman yenuriye abandi ku musi wanyuma w’ihiganwa

Umukinyi w’umusatirizi wa Kayanza United Rukundo Abdoulrahman batazira Paplay niwe abaye umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Primus league 2020-2021.

Hari kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 23 Rusama 2021 isaha icenda 15h 00 i Buganda mu Cibitoke ku kibuga Urunani niho Umugwi Les elephants Inzovu wari wakiriye Umugwi Kayanza United mu rukino rw’indwi ya 30 ariyo ndwi yanyuma ya Primus league .

Urwo rukino rukaba rwarangiye Umugwi Kayanza United unyagiye Les elephants ibitsindo 8-0 , muri ivyo bitsindo Kayanza yinjije harimwo ibitsindo 4 vyose vy’umusatirizo wayo ariko Rukundo Abdoulrahman Paplay ivyatumye yenurira abandi ku munota wanyuma kuko kundwi ya 29 yari afise ibitsindo 11 ariko akaba arangije indwi ya 30 afise ibitsindo 15.

Paplay akaba yaciye arusha abo bahiganwa aribo Ndikumana Asman Gaden akinira Aigle Noir afise ibitsindo 14 hamwe na Shaka Tresor wa Vital’o Fc nawe nyene afise 14.

Mwomenya ko Rukundo Abdourahman Paplay ari mu rutonde rw’abakinyi batowe na FFB kuzotoramwo umukinyi mwiza yaranze ihiganwa ndetse no mu rutonde rw’abakinyi bazotoramwo abakinyi 11 baranze ihigamwa rya Primus league ryo muri uno mwaka wa 2020-2021.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315