homepagekirundikirundi_Sports

Rukundo Jean de Dieu agiye kumenyereza Espoir Fc

Uwadugiye Kayanza united umwaka uheze yahawe amasezerano yo kumenyereza mugwi Espoir Fc wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25 Mukakaro umwaka wa 2019 mu masaha yo kumugoroba aho uwahoze ari umumenyereza wa Kayanza United mu mwaka uheze Rukundo Jean de Dieu benshi bazi kw’izina rya Dody yashize umukono ku masezerano y’imyaka ibiri yo kumenyereza umugwi Espoir Fc ukina mu cicaro cambere mu gihugu c’Urwanda.

Jean de Dieu akaba ahambije abandi bamenyereza b’abarundi bamaze guhabwa amasezerano mashasha nka Haringingo Francis Mbaya , Ismail Nduwantare , Niyongabo Amars Akbar , Ndikumana Pablo hamwe na Kendo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871