Umurundikazi Sada Nahimana yaraye atakaje urukino rwanyuma atsinzwe n’umufaransakazi .
Hari kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 09 Ndamukiza 2023 kuri Entente Sportive , aho umurundikazi Sada Nahimana yari aramutse atana mu mitwe n’umufaransakazi Alice Robbe mu rukino rwanyuma rwa Teniss rwahawe izina rya World TenissTour 25.
Urwo rukino rwarangiye kw’ iseti 2 z’umufaransakazi Alice Robbe ku 0 bw’umurundikazi Sada Nahimana .
Uwo mufaransakazi yaboneyeho akaryo ko gushima urugero Sada agezeko mu kuvuga ko abarundi bashobora kwishima kubera bafise umukinyi mwiza , ku myaka 21 kandi afise kazoza .
Mwomenya ko mu rutonde rw’ishirahamwe ry’urukino rwa Teniss kw’isi yose ITF, Sada Nahimana yari imbere ya Alice Robbe kuko yafata ikibanza ca 269 mugihe Alice yafata ikibanza ca 271.