homepagekirundikirundi_Sports

Sahabo Pariss yavuze icatumye Saido Ntibazonkiza adakina muri Derby

Inyuma y’aho inter Star itsindiye Vital’o Fc ibitsindo 2-1 mur Derby yaraye ibahuje, umumenyereza wa Vital’o Fc Sahabo Pariss yavuze ico abona babuze kugira bashike ku ntsinzi ndetse aranavuga icatumye Saido Ntibazonkiza ataboneka mu kibuga.

“Ikibazo cabaye twabuze amahirwe kuko mu gice ca kabiri twashoboye kubasatira cane mugabo ntivyakunze y’uko turonka intsinzi”

Abajijwe kubera iki igice ca mbere Inter Star isa nkiyarushije Vital’o Fc Pariss akaba yishuye ati ” Si ukuvuga ngo baturushije cane bashoboye kuronka amahirwe yo gutsinda ariko natwe twashoboye kuronka ariko ntitwashoboye kwinjiza mu mupira ni uko bigenda”

Abajijwe icatumye Saido Ntibazonkiza ataboneka muri urwo rukino Sahabo Pariss akaba yishuye y’uko afise ikibazo c’ingwara akaba yaranakomerekeye mu myimenyerezo.

Vital’o Fc gutsindwa na Inter star vyaciye bituma iryama mu kibanza ca gatandatu n’amanota 41.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871