abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | Saidi Ntibazonkiza yanse kugaruka muri Geita Gold batamuhaye ivyo bamwemereye

 

Amakuru duhejeje kuronka avuye kuri bimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania avuga y’uko umukinyi w’intamba mu rugamba akina mu mugwi Geita Gold Saidi Ntibazonkiza yoba yanse kugaruka mu gihigu ca Tanzania bivanye n’uko atarakwirizwa amafaranga y’igurwa ryiwe bita ( Frais de Récrutement) .

 

Uwo mukinyi akaba akwije indwi zibiri ataraboneka mu mwiherero w’umugwi Geita Gold wo mu gihugu ca Tanzania asanzwe akinamwo .

bikavurwa y’uko uwo mukinyi yoba yaje mu Burundi ata ruhusha ahawe n’umugwi Geita Gold .

Abakinyi bashika kuri 6 b’uwo mugwi nibo boba bari muri yegeregere bivanye n’uguheranirwa n’umugwi Geita Gold .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 205