Burundifootballkirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Saidi Ntibazonkiza yatubwiye ibanga akoresha kugira agume atsinda

 

Inyuma y’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba gutahuka mu burundi izanye inota rimwe ukuye mu gihugu ca Mauritania, Saido Ntibazonkiza yagize ico ashikiriza ndetse aranatubwira ibanga akoresha kugira agume atsindita Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba .

Saido yabanje gushimira Imana kubona bashitse mu Burundi amahoro naho batigeze baruhuka kuko urukino rwarangiye baca bafa indege berekeza i bujumbura . ikindi Saidi Yashikirije n’ibanga yama akoresha kugira agume atsinda ibitsindo Intamba mu rugamba.

akaba yagize ati” Umuntu wese afise ingabirano Imana yamuhaye ndetse n’inguvu ziwe, umukinyi wes kandi afise ububasha bwo kwongereza inguvu imana yamuhaye ninaryo banga jewe nkoresha”

mu nkino zibiri Saido amaze gukinira Intamba mu rugamba kuvaho aviriye mu bihano uwo mukinyi amaze gutsinda ibitsindo bibiri mu rukino rwa Tanzania niwe yatsinze igitsindo cahaye itsinzi Intamba ndetse no mu rukino rwa Mauritania niwe yatumye Uburundi bunganya igitsindo 1-1 bivanye n’igitsindo cinjije.

mwomenya y’uko intamba mu rugamba zizokwakira Mauritania mu rukino rwo gusubiriza ruzoba kuri uyu w’imana igenekerezo rya 15 Munyonyo 2020 Isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706