homepagekirundikirundi_Sports

Saido Berahino mu nzira yo guhabwa amasezerano mu Bubirigi

Inyuma yo kunaniranwa n’umugwi Nimes wo mu gihugu c’Ubufaransa Saido Berahino araza guhabwa amasezerano mu mugwi Zulte Waregem ukina mu cicaro cambere mu Bubirigi.

Saido Berahino akaba yaraye arekuwe icese n’umugwi wa Stock City ndetse iranamuha amafaranga arenga imiriyoni 2 zirenga z’ama pound kugira ishobore guhagarika amasezerano yari ifitaniye n’uyo mukinyi ivyo bishobora kuba vyatumye umugwi Zulte Waregem uronka inguvu zo kwipfuza guha amasezerano uyo mukinyi.

Uwusanzwe avugira Saido Berahino akongera akaba Manager w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Mutima Constantin yavuze y’uko atagihundutse kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 09 Myandagaro umwaka wa 2019, uyo kizigenza w’intamba mu rugamba w’imyaka 25 y’amavuko aza kurara ashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa Zulte Waregem ukina mu cicaro cambere mu Bubirigi .

Mutima Constantin akaba yagize ati : “Umwanya n’umwanya kuri uyu wa gatanu mushobora kubona Saido Berahino ashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wiwe mushasha wo mu Bubirigi”.

Berahino akaba avuye mu mugwi Stock City awutsindiye ibitsindo bitanu gusa mu nkino 56 yari amaze kuhakinira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871