homepagekirundikirundi_Sports

Saido Berahino yoba ariwe yatumye Aubameyang atitwara neza i Bujumbura?

Ukuzibirwa kwa Pierre Emeric Aubameyang asanzwe ari kizigenza w’umugwi nserukiragihugu wa Gabon akaba n’umusatirizi wa Arsenal ngo kwatumwe na Saido Berahino.

Mu Kiganiro umumenyereza w’Intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yari yakoresheje kuri uno wa kane igenekerezo rya 30 Rusama umwaka wa 2019 ari kumwe na Saido Berahino ku kigo c’ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru mu Burundi FFB, Saido Berahino niwe yahaye impanuro zikomeye bagenziwe bakina inyuma mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba z’ukuntu bari kuzibira kizigenza w’umugwi wa Gabon akaba n’umusatirizi wa Arsenal ariwe Pierre Emerick Aubameyang ivyo navyo bakaba kandi barabikoze bivuye kumpanuro yabahaye.

Akaba yasubiye arashikiriza ibanga agiye guha bagenziwe k’ukuntu bazokwitwara neza mu mahiganwa ya CAN 2019 yimirije kuba muri Egiputa muri uku kwezi kuza kwa Ruheshi , aho yavuze y’uko azofasha kubwira ingene abakinyi bakomakomeye bozibirwa canke ingene bokwitwara neza bivanye n’ubumenyi asanzwe afise .

Mukamenya y’uko Saido Berahino yaciye mu migwi ikomakomeye yo mu bwongereza nka West broom Albion, hamwe na Stock City.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871