homepagekirundikirundi_Sports

Saido Ntibazonkiza arashima abantu bitanze mu kubashigikira

Kizigenza w’umugwi wa Vital’o Fc Saido Ntibazonkiza arashima cane kubona abanya gihugu bitavye akamo ko kwitabira urukino bari batunganije.

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 22 Rusama 2020 isaha icumi 16h00, niho hakinwa urukino rwa kivandimwe rwari rwateguwe na Saido Ntibazonkiza hamwe na Selemani Ndikumana kumvo yo gufasha abanya Gatumba bashikiwe n’imyuzure y’amazi.

Imigwi  yari yahawe amazina yabo bakinyi aho twovuga umugwi umwe witwa Team Saido Ntibazonkiza uwundi Team Selemani Ndikumana, urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi inganije igitsindo 1-1 ivyo bitsindo bikaba vyinjijwe nabo nyene ba kizigenza b’iyo migwi Saido na Selemani.

Inyuma y’urwo rukino Saido Ntibazonkiza yashimiye cane abantu bitabiriye urwo rukino bari ku bwinshi.

“Twebwe aba Islam tuvuga Alhamndulillah sinzi y’uko uzi ico gisigura turashimira Imana kuko ngira wabonye ukuntu abantu bitabiriye urwo rukino uko bangana.”

Saido Ntibazonkiza akaba yarangije avuga y’uko bagiye kwiga na mugenzi we Ndikumana Selemani umusi bazoshikiriza abo banya Gatumba iyo mfashanyo yabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871