homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Saido Ntibazonkiza na Cédric Amissi mu rutonde rw’abakinyi bazotana mu mitwe na Cameroun

Kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 16 myandagaro 2023 isaha icenda, ku biro vy’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB) , niho umumenyereza w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije aza gushira ahabona urutonde rw’abakinyi 37 b’Intamba mu rugamba bagiye kwitegurira urukino rwo kurondera itike ryo kuja muri CAN 2024, ruzohuza Uburundi na Cameroun igenekerezo rya 12 Nyakanga 2023 i Garoua muri Cameroun.

Muri urwo rutonde rw’abakinyi 37 ruza gushirwa ahabona n’umumenyereza w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije uno musi, harimwo amazina abiri tutari duherutse kubona kuko mu rukino rwahuje Uburundi na Namibia batatumiwe. Ayo mazina nayo ni Saido Ntibazonkiza, hamwe na Cedric Amissi .

Urwo rutonde indundi Culture nta bubasha ifise rwo kurushira ahabona, atari umumenyereza mukuru wenyene.

Mwomenya ko icatumye umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije adatumako Ntibazonkiza Saido na Cédric Amissi mu rukino rwahuje Uburundi na Namibiya, ari kubera batari bitabiriye urukino rwahuje Uburundi na Indonésie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822