homepagekirundikirundi_Sportspromoted

Saido Ntibazonkiza yagiriwe ikigongwe na bagenziwe

Inyuma y’imyaka 5 adahonyoza ikirenge mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Saido Ntibazonkiza hamwe na mutoyi wiwe Steeve Nzigamasabo na Nimubona Emery Kadogo bagiriwe ikigongwe, ubu biremewe ko batumwako mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mugihe Umumenyereza yobishaka.

Ivyo tukabisanga mw’ikete ryateweko umukono n’umunyamabanya mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Manirakiza Jeremie  inyuma yaho Comité  nyobozi yiryo shirahamwe yakoranye irihweza ibijanye n’inyifato mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba na cane cane mu bijanye ni n’ihagarikwa ryabo bakinyi basanga icuka kimeze neza muri kino gihe .

Mukamenya y’uko Saido Ntibazonkiza na bagenziwe bari bafatiwe ibihano na FFB bivanye n’ukwitwara nabi berekanye mu mwaka wa 2015 mu gihugu ca Île de Maurice aho Uburundi bwakinye urukino rwa kivandimwe n’ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871