homepagekirundikirundi_Sports

Saido Ntibazonkiza yakomeje Primus ligue

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 08 Ruhuhuma 2020, niho umugwi Vital’o Fc wakiriye umugwi Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega mu rukino rw’indwi ya 20 ya Primus league, urwo rukino rukaba rwarangiye Vital’o Fc wirahiye Musongati Fc ibitsindo 2-0.

Muri ivyo bitsindo bibiri harimwo igitsindo c’uwahoze ari kizigeza w’intamba mu rugamba Saido Ntibazonkiza.

Urwo rukino rukaba rwari rwitabiriwe n’isinzi ry’abantu aho muri abo bantu benshi bari abakunzi ba Saido Ntibazonkiza aho baje bitwaje ivyapa n’ibitambara vyanditsweko izina rya Saido Ntibazonkiza.

Kuva aho habaye urukino rwo gutangura rwa primus league rwahuje Inter Star na Vital’o nta rundi rukino ruraronka abantu nkuko urwa Vital’o Fc na Musongati Fc rwaronse.

Muri abo bakunzi ba Saido Ntibazonkiza twayaze bake muribo bakaba baravuze y’uko bitabiriye urwo rukino bivanye n’uko bamaze igihe kinini batabona mu kibuga uyo wahoze ari kizigeza w’intamba mu rugamba mu mwaka iheze ariwe Saido Ntibazonkiza.

” Twaje gushigikira umugwi wacu wa Vital’o Fc ndetse na Saido Ntibazonkiza twari twahevye kuza Ku kibuga kuraba inkino zo ngaha ariko ubu tuzoba tuzitabira na cane cane iyo Umugwi Vital’o Fc uriko urakina turasavye abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi y’uko bomugarukana mu Ntamba mu rugamba”.

Mukamenya y’uko Saido Ntibazonkiza amaze imyaka 6 irenga adahamagarwa mu ntamba mu rugamba bivanye n’igihano yahawe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Aho iryo uburongozi bw’iyo shirahamwe bwavuze y’uko hariho urukino yigeze kugumura abandi ngo ntibakine.

Saido Ntibazonkiza akaba hampande yo kuba ariko akinira umugwi wa Vital’o Fc muri kino gihe yakinye iburaya nko mu Bufaransa , muri Hollande , Pologne , Turkie hamwe na Kazakistan.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871