homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Saido Ntibazonkiza yasavye ikigongwe abarundi bose

Inyuma y’imyaka ishika kuri 5 adashikiriza n’ikintu na kimwe ku bamenyeshamakuru kuvyerekeye ingorane ziwe n’uburongozi b’utwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , Saido Ntibazonkiza yasavye ikigongwe abarundi bose .

Mu kiganiro yariko akorana na mugenzi wacu w’umumenyeshamakuru akorera kuri Radio Rema FM Vivance Emery yisiguye y’uko atigeze atanga amahera ku bakinyi kugira ntibakine urukino rwa kivandimwe rwari rushaka rubahuze na Ile Maurice muri ico gihugu nyene mu mwaka wa 2014.

Akaba yavuze ati” ivyo babwiye uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB sivyo kandi nawe nyene sinomutako amakosa kuko bamushikirije ukutariko ngo natanze amadorari 50 kuri buri mukinyi kugira ntakine rurya rukino, ngira abakinyi bari muri rurya rukino gushika n’ubu baracariho mu ntamba hagire basi n’umwe aboneka avuge y’uko natanze n’amadorari 10 $ ku mukinyi. kuberiki ntange amahera mu kwonona igihugu canje? Bimfitiye iyihe nyungu? Igihugu candeze nta nyungu bimfitiye sinshobora gutanga amahera mu kwonona igihugu canje notanga amahera mu guteza imbere igihugu canje .”

Saido yabandanije agira ati : “nivyo harabaye ingorane ndasaba ikigongwe n’ubu nsubiye kandi gusamba ikigongwe sinsavye ikigongwe ku muntu umwe ahubwo nsavye ikigongwe ku barundi bose ndetse n’igihugu . kuko ni Jew nari nsanzwe ndongoye abandi muri rurya rukino nimba harabaye ikibazo hariye ndemeye nakoze amakosa ariko ivyo bavuga sivyo , sinshobora gusubira kuja kuvuga ico kibazo , kuko uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yamaze kuvuga cane kuri ico kibazo kandi sinshobora kwishurana nawe”.

Saido Ntibazonkiza akaba yigeze kuba kizigenza w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba imyaka itari mike akaba nawe murundi wambere amaze gukina ihiganwa ryo mu cicaro cambere mu gihugu c’Ubufaransa league 1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871