homepagekirundikirundi_Sports

Saido Ntibazonkiza yoba agiye gusubira mu ntamba mu rugamba?

Uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Ntibazonkiza yoba ariko arimenyereza kugira azokwifadikanye n’abandi mu mugwi nserukiragihugu?

Ayo namwe mu majambo abakunzi b’intamba mu rugamba ndetse n’abakunzi b’uyo mukinyi bibaza bivanye n’uko badasiba kumubona ariko arimenyereza buri musi.

Kuri uyu wa Gatanu habonetse ama foto ariko Saido Ntibazonkiza , Saido Berahino hamwe na Chebby Warren bari muri Gym bariko barimenyereza.

Iyo foto imaze kuboneka ku mbugangurukana bumenyi zitandukanye yatumye abantu bipfuza y’uko Saido Ntibazonkiza yogarukanwa mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba kuko na kare ngo asa nk’uwamaze gusaba ikigongwe.

Ku makuru Indundi Sports yaronse mu begereye Saido Ntibazonkiza aravuga y’uko ayo mafoto yabonetse ari kumwe na Saido Berahino hamwe na Chebby Warren yari amafoto asanzwe bafashe bari mu myimenyerezo ya Gym.

Twobibutsa ko Saido Ntibazonkiza akaba yarafatiwe ibihano vyo kudasubira gukina mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba na Nyakwubahwa arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reveriyano Ndikuriyo kumvo z’uko yoba yitwaye nabi mu bijanye n’indero mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871