homepagekirundikirundi_Sports

Seleman yahaye ubutumwa bukomeye Karim

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Myandagaro umwaka w’2019 uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba mu myaka iheze Ndikumana Seleman abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi Facebook yahaye ubutumwa bukomeye Nizigiyimana Karim Makenz yahoze ari icegera ciwe mu mugwi intamba mu rugamba.

Akaba yanditse ati : “Nizigiyimana Abdoul Karim imyaka 10 irakwiye tugwanira igihugu cacu, muri kino gihe urahagaritse vyari ivyishimo kuri jew gukinana nawe. Warabaye umurongozi mwiza mugihe twari tugifashanya gushika aho dushika ku ndoto zacu mu gutwara igihugu cacu mu mahiganwa ya Africa CAN nka kizigenza hamwe n’icegera ciwe, ikinezereje n’uko wabaye kizigenza uratwara imisore neza cane twaratswe ubu kizigenza ata mpamvu igihe twari twaronse itike yo gukina CAN. Ntitwidoze kuberako twari twipfuza gukina CAN kandi vyari mu ndoto zacu kuyikina naho nakuwemwo na Staff y’intamba ata mpamvu ziboneka ndishimye cane kubona twakinanye na wewe imyaka 10 wari umunezero udasanzwe cane cane mu gushitsa indoto zacu ndakwipfurije kuroranirwa mu misi iri imbere Imana iguhezagire”.

Uwundi mukinyi yarungikiye ubutumwa Nizigiyimana Karim Makenz ni uwahoze ari kizigenza wiwe mu ntamba mu rugamba mu myaka 10 iheze ni Valery nawe akaba yanditse agira ati : “Umwanya mwiza uza mu cubahiro twaraciye mu bintu vyinshi cane turi kumwe vyose twabikora kubera kugwanira igihugu cacu kandi ndagushimiye cane imisi yose uzosigara uri mu mitima y’abarundi. Mboneyeho n’akaryo ko kukwipfuriza amahirwe”.

Mukamenya y’uko Karim Nizigiyimana Makenz muri kino gihe asanzwe akina mu mugwi Wazito Fc waduze mu cicaro cambere mu gihugu ca Kenya .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871