Umugwi wa Shanghai Shenhua inyuma yogutiza Umusatirizi wabo w’umunya Nigeria w’imyaka 30 Odion Ighalo mu mugwi wa Manchester United wo mu gihugu c’ubwongereza wipfuza kumwongera ayandi masezerano, bakaba bemeye kumwongera amasezerano y’imyaka ibiri n’umushara wama pounds angana na 400,000 buri indwi niyemera kuzoguma muri uyo mugwi .
Ighalo akaba atakintu na kimwe arashikiriza mu kurindira amahera umugwi wa Manchester United uzomuha inyuma yo kurangiza amasezerano yiwe yo gutizwa muri uwo mugwi yari yamye afise indoto yo kuwukinira kuva kera.
Mukamenya y’uko amasezerano ya Shanghai Shenhua na Odion Ighalo yitezwe kurangira mu mwaka wa 2022.