footballhomepagekirundikirundi_Sports

Shanghai Shenhua yipfuza kwongera amasezerano Odion Ighalo

 

Umugwi wa Shanghai Shenhua inyuma yogutiza Umusatirizi wabo w’umunya Nigeria w’imyaka 30 Odion Ighalo mu mugwi wa Manchester United wo mu gihugu c’ubwongereza wipfuza kumwongera ayandi masezerano, bakaba bemeye kumwongera amasezerano y’imyaka ibiri n’umushara wama pounds angana na 400,000 buri indwi niyemera kuzoguma muri uyo mugwi .

Ighalo akaba atakintu na kimwe arashikiriza  mu kurindira  amahera umugwi wa Manchester United uzomuha inyuma yo kurangiza amasezerano yiwe yo gutizwa muri uwo mugwi yari yamye afise indoto yo kuwukinira kuva kera.

Mukamenya y’uko amasezerano ya Shanghai Shenhua na Odion  Ighalo yitezwe kurangira mu mwaka wa 2022.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891