Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Simplice Ngendakumana agiye kugeragezwa i Buraya

Umukinyi w’inyuma w’umugwi LLBS4A Simplice Ngendakumana yamaze gushika i Buraya.

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 11 Ntwarante umwaka wa 2019 niho Simplice Ngedakumana yafata indege imushikana mu gihugu ca Ukraine.

Ku myaka 17 y’amavuko, Simplice Ngendakumana akaba agiye kugerezwa mu mugwi wo mu cicaro ca gatatu mu gihugu ca Ukraine witwa Fc Olimpik Kirovohrad.

Aganira na Indundi Sports Simplice Ngendakumana akaba yarashimye cane kubona yageze mu gihugu ca Ukraine aboneraho no gusaba abarundi bose amasengesho kugira abashe gutsinda iryo geragezwa agiye gukora mu mugwi Fc Olimpik Kirovihrad.

Simplice yagize ati : “Ndashimirimana kubona yanshikanye muri ici gihugu amahoro nkaba ngiye kugeragezwa ino mu gihugu ca Ukraine mu mugwi Fc Olimpik Kirovihrad ukina mu cicaro ca gatatu ndasavye abarundi bose y’uko bonsengera kugira mbashe gutsinda iri geragezwa agiye gukora mu misi ya vuba”.

Mukamenya y’uko Simplice Ngendakumana yaciye mu mugwi wa Transport Fc ukina mu cicaro ca kabiri ndetse muri kino gihe akaba yari asanzwe akina mu mugwi LLBS4A .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878