footballhomepagekirundikirundi_Sports

Soccer Beach : Bunge Fc yatahukanye ihiganwa rya 2019

Imirwi cumi niyo yitavye ihiganwa ry’umupira wo ku musenyi ku kibuga co ku musenyi wa Safi beach rikaba ryamaze amezi arenga ane.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020 niho haba urukino rwa nyuma rwo guheraheza iryo higanwa.Urwo rukino rukaba rwahuje umurwi Bibamba beach na Bunge fc, ni urukino rwari rurorerewe n’abantu benshi harimwo abari muri komite nshingwabikorwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB n’abakunzi biyo mirwi bari baje kuyishigikira .Urwo rukino rwarangiye ari ibitsindo bitatu ku bindi,baca babongera umwanya w’agasunuzo w’iminota itatu ariko imirwi ntiyatsindana baca bikora kuri za penaliti Bunge fc ibona kwinjiza bibiri ku busa.

El Hadji Muhozi Massudy uwararongoye komite yateguye iryo higanwa akaba yarashimye ukungene iryo higanwa ryagenze muri rusangi akaba yamenyesheje yuko ihiganwa ry’umwaka 2020 rizotangura vuba akaba yasavye imirwi kubandanya yitegura anavuga yuko bagiye gushiramwo imirwi y’abigeme.

Youssuf Mossi yaserukiye FFB yashimye urugero urwo rukino rugezeko mu kibanza c’ijana na kane kw’isi akaba yavuze zo ico gisata kigiye gushigikirwa nkuko ibindi bisata bikukira FFB bishigikirwa .

Mwomenya yuko imbere yuko urwo rukino rutangura habanje kuba urukino rwa kivandimwe hagati y’intambana na Saga Sable rukaba rwarangiye Intamba zitsinze 9 ku 8.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891