homepagekirundikirundi_Sports

Super Cup : Aigle Noir yatwaye igikombe ibanje kwirahira Rukinzo Fc

Umugwi Aigle Noir Fc uhejeje kwirahira Rukinzo Fc mu gikombe ca Super Cup.

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 03 Myandagaro isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Ingoma kiri i Gitega ku murwa mukuru wa Poritikw aho umugwi Aigle Noir watwaye ihiganwa rya Primus league ari nawo uzoserukira igihugu mu mahiganwa ya Total CAF Champions League wahuye n’umugwi w’abaporisi Rukinzo Fc nawo ukaba uzoserukira Uburundi mu mahiganwa ya Total CAF Confederation Cup , urwo rukino rukaba rwarangiye Aigle Noir yirahiye Rukinzo Fc ibitsindo 2 -0.

Igitsindo ca mbere ca Aigle Noir kikaba cabonetse ku munota wa 14 w’igice cambere c’urukino cinjijwe na Benjamin Gasongo mu gihe ica kabiri cabonetse mu gice ca kabiri c’urukino cinjijwe ku munota wa 77 w’urukino na Titi Cédric Mavugo .

Ribaye irigira kabiri iyo migwi ibiri ihiganirwa igikombe ariko amahirwe agatahukana umugwi Aigle Noir aho twovuga nko mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu aho umugwi Aigle Noir ariwo wagitahukanye ariko kumvo z’uko Aigle Noir yari imaze gutwara igikombe ca Primus league vyaciye biha amahirwe Rukinzo Fc guserukira Uburundi muri Total CAF Confederation Cup.

Aigle Noir ikaba yaciye ikwiza igikombe kigira 4 itwaye muri uyu mwaka .

Ibikombe yatwaye ni ibi bikurikira :

– Super Coup
– Coupe du Président
– Coupe de l’Unité
– Primus League2019

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871