featured sportArsenalChelseafootballhomepageIbiyovyabwengeInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Tambwe Amiss yiyemeje gukorera Yang Africans ibintu bikomeye

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi akinira umugwi Yang Africans Tambwe Amissi Yiyemeje gukorera ibintu bikomeye Yang Africans asanzwe akinamwo.

Ivyo bintu bikomeye yiyemeje gukorera Yang Africans akaba yabivuze Inyuma yo gufasha yang Africans kuja mu gice ca Kane gishira icanyuma mu nkino z’igikombe ca FA mu ndwi iheze aho yatsinze ibitsindo bitatu wenyene ku tsinzi y’ibitsindo 4-0 bwa Tukuyu Stars.

Uwo mukinyi akaba yiyemeje ko agiye gutwara Yang Africans mu mahiganwa mpuzamakungu ya Africa Akaba yagize ati” umwaka uheze dushaka kwitabira amahiganwa mpuzamakungu ya Africa ndiyemeje ko nzogwanira umugwi wanje gushika nshike kuco niyemeje.

Ntidushaka gusubira mu makosa nkayo twakoze umwaka iheze . ” Ubu rero twaronse amahirwe yo kuja mu gice gikurikira c’igikombe ca FA umucanwa twerekanye dushaka kujana nawo gushikaho tuzotwara igikombe .

Mu kamenya ko uwutwara igikombe c’ihiganwa rya Vodacom Premier League ariwe azoserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF confederation Cup mu gihe uwuzotwara igikombe ca FA niwe azoserukira Igihugu mu mahiganwa ya CAF confederation Cup.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891