homepagekirundikirundi_Sports

Tchabalala ku rutonde rw’abakinyi 11 bitwaye neza ku ndwi ya 3 y’ihiganwa ryo mu Rwanda

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Gitugutu umwaka wa 2019 abamenyeshamakuru b’insamirizi City Radio yo mu gihugu c’Urwanda aribo Taifa , Kanyizo hamwe na Regis bashize ahabon urutonde rw’abakinyi 11 bitwaye neza ku ndwi ya 3 y’ihiganwa ryo mu Rwanda .

Kuri urwo rutonde harimwo izina ry’umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba ariwe Hussein Shaban Tchabalala mu mpera z’indwi iheze igihe umugwi As Kigal wari wakiriye umugwi Bugesera Fc asanzwe akinamwo urukino rukarangira iyo migwi yompi inganije ibitsindo 2-2 , uyo musatirizi w’intamba mu rugamba yaravyifashemwo neza cane atanga ipasi nziza yavuyemwo igitsindo ca mbere anahava yinjiriza igitsindo ca kabiri umugwi wiwe bishobora kuba biri muvyatumye anatorwa muri abo bakinyi 11 bitwaye neza.

Aba nibo bakinyi 11 bitwaye neza ku ndwi ya 3 y’ihiganwa ryo mu Rwanda :

1. CYUZUZO Gael(GASOGI Utd

2. Ombolenga Fitina(APR FC)

3. Emmanuel Imanishimwe(APR FC)

4. Manzi Thierry Cpt (APR FC)

5. Bahati Ggi(Gasogi Utd)

6. Niyonzima Olivier Seif(APR FC)

7. Hussien Schabalala(Bugesera Fc)

8. Bukuru Christophe(APR FC)

9.Mutebbi(Etincelles)

10. Eric Zidane(As Kigali)

11. Kamoso(As Muhanga)

Coach: Addir Muhammed(APR FC)

Ass Coach 1: Despinoza(Rayon Sports)

Ass Coach 2: Haringingo Francis mbaya.

Si uyo mukinyi w’umurundi wenyene yatowe nk’uwitwaye neza harimwo n’umumenyereza w’umurundi Haringingo Francis Mbaya yatowe nka Ass Coach wa kabiri yavyifashemwo neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871