footballhomepagekirundikirundi_Sports

Tchabalala na Joe baraye bafashije Bugesera Fc gutsinda Police Fc

Hari kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 11 Ntwarante 2020, aho umugwi wa Bugesera wari wakiriye umugwi wa Police Fc mu rukino rw’indwi ya 23 y’ihigamwa ryo mu Rwanda bita Rwanda Premier League .

Umugwi wa Bugesera umenyerezwa n’Umurundi Massudi Djuma wirahiye ibitsindo 3-1 Umugwi wa Police Fc umenyerezwa nawo n’Umurundi Haringingo Francis Mbaya .

Igitsindo ca mbere kikaba catsinzwe n’umukinyi wo hagati w’umurundi Bizimana Joe , ica kabiri gitsindwa n’umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala mugihe ica gatatu cinjijwe n’uwitwa Djihadi .

Tchabalala akaba aciye akwiza ibitsindo 13 mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda akaba afata ikibanza ca kabiri mu basatirizi bafise ibitsindo vyinshi aho uwa mbere amusumvya ibitsindo bibiri gusa .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891