homepageInkinokirundikirundi_Sports

Tchabalala yaraye afashije Bugesera gutsinda Mukura Vs

Kuri uyu w’Imana waraye uhese igenekerezo rya 24 Munyonyo 2019 niho umugwi Bugesera Fc wari wakiriye umugwi Mukura Victory Sports mu rukino rw’indwi ya 9 y’ihiganwa ry’Urwanda urwo rukino rukaba rwararangiye Bugesera Fc itsinze Mukura Victory Sports igitsindo 1-0, ico gitsindo ca Bugesera Fc kikaba cinjijwe ku munota wa 5 w’urukino n’umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shaban Tchabalala.

Hussein Shaban Tchabalala akaba yaciye akwiza ibitsindo 5 mu nkino 8 amaze gukina muri uyo mugwi.

Mukamenya y’uko uwo mugwi wa Bugesera Fc mu misi iheze niho waha amasezerano umumenyereza w’umurundi Masudi Djuma kugira awumenyereze akaba ari narwo rukino rwiwe rwa mbere amenyereza uyo mugwi kandi akanaronka amanota atatu.

Umugwi Bugesera ukaba waciye ufata ikibaza c’10 n’amanota 13 mu nkino 9 umaze gukina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871