homepageInkinokirundikirundi_Sports

Tchabalala yatanze umuco ku bimuvurwako

Hamaze imisi haguma hakwiragizwa amakuru avuga y’uko umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala yoba agomba kwerekeza gukina mu gihugu ca Chine.

Indundi Sports imaze kwumva ayo makuru yahavuye yegera uyo mukinyi imubaza y’uko ayo makuru yoba ariyo aho uyo musatirizi Hussein Shaban Tchabalala yamiriye kure ayo makuru no kuvuga y’uko ivyo atavyo azi nawe aguma avyumva uko nyene nk’uko abandi bavyumva.

“Ayo makuru sinzi aho mwayakuye nanje nguma ndayumva nk’uko muyumva gushika ubu nta nakimwe nzi nta n’ibiganiro biraba hagati yanje n’abo muri chine sinzi y’uko boba bamaze kuvugana na Manager wanje ariko jewe gushika ubu nta nakimwe nzi”.

Hussein Tchabalala akaba yemeye y’uko imigwi itari mike yo mu bihugu bitandukanye iriko iramurondera ariko ntiyayishimye kuyivuga.

Uyo musatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala akaba afata ikibanza ca 2 mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda aho afise ibitsindo 11 mu nkino 15 amaze gukinira umugwi wa Bugesera Fc.

Yakiniye imigwi itandukanye ya hano iwacu aho twovuga nka Metalco Fc , Nile Olympic , Les guepiers du Lac , Flambeau de l’Est , Vital’O Fc ; mu Rwanda naho akaba yakiniye imigwi nka Amagaju Fc , Rayon Sports muri kino gihe akina muri Bugesera Fc. Yarakiniye kandi no muri Africa y’epfo mu mugwi Baroka Fc hamwe no muri Ethiopiya mu Mmgwi Ethiopian coffee.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871