footballhomepagekirundikirundi_Sports

Thaddée Ndikumana ngo ntacobuza y’uko inkino zibandanya

Hari kuri uyu wa w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 05 Ndamukiza 2020, isaha zitanu 11h ahitwa kuri Nonara Beach aho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rirongowe n’Umukuru w’inama Nkenguzamateka Honorable Révérien  Ndikuriyo ryari ryatunganije inama n’abarongozi b’imigwi yo mu cicaro ca mbere n’icakabiri kugira bihweze ukungene inkino zobandanya muri bino bihe bibi isi irimwo kubera ikiza c’ingwara ya Coronavirus  n’Uburundi bumaze kwinjiranwa.

Muri iyo nama yari yatumiwemwo umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida, Dr Thaddée Ndikumana. Mw’ijambo ry’ihumure, Dr Thaddée  yashikirije abari bitabiriye iyo nama  ko ata kintu nakimwe cobuza y’uko inkino zibandanya mu Burundi. Ico yasavye FFB ni ugukingira abarorerezi kugira ntibandure ikiza ca Coronavirus mu gupima ubushuhe bw’abarorerezi binjira mu kibuga imbere y’urukino mbera aranasaba y’uko  bokoresha  za Thermiflash kugira barabe abafise ubushuhe burenze ntibemererwe kwinjira.

Abantu batatu nibo bamaze gutorwa ikiza ca Coronavirus mu Burundi nkuko Umushikiranganji w’amagara y’abantu yabishikirije.

Inkino rero za Primus league Burundi zikaba zigiye kubandanya ukuri kwamye ariko FFB irashobora gufata ingingo yo kugabanya abarorerezi binjira mu bibuga kugira abantu birinde kwegerana cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891