homepagekirundikirundi_Sports

Thierry ngo uburyo nibwo bwatuma Olympic Star ititwara neza

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2020, niho umugwi wa Rukinzo Fc wari wakiriye umugwi wa Olympic Star w’i Muyinga urwo rukino rukaba rwarangiye Olympic Star wirahiye Rukunzo Fc ibitsindo 2-1.

Inyuma y’urwo rukino Umumenyereza wa Olympic Star Nimubona Thierry yagize ico ashikiriza abamenyeshamakuru aho yatanze impamvu yatumye atsinda Umugwi wa Rukinzo Fc n’impamvu yatuma bitwara nabi mu nkino ziheruka gushika aho basezererwa mu gikombe c’Umukuru w’igihugu.

Akaba yagize ati” Rukinzo ni Umugwi mwiza kandi ufise abakinyi beza nibaza y’uko twabarushije ishaka “.

Abajijwe ibanga yajoresheje kugira atsinde urwo rukino mugihe Umugwi wa Olympic Star wari umaze imisi utariko witwara neza akaba yishuye ati :

«ikintu cambere mwomenya imigwi yaho iwacu iba ifise ikibazo c’uburyo ico twaragikosoye na comité yanje ikindi kintu twari dufise ingorane y‘abakinyi bari bamaze imisi barwaye murazi y’uko harya gukina inkino zitatu kundwi biba bigoye nari mfise abakinyi bashika kuri batanu bari barwaye kandi batangura mu kibuga”.

Nimubona Thierry akaba yarangije asaba Abakunzi b’umugwi wa Olympic star y’uko boguma bafasha Umugwi kugira ubandanye ugira ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871