homepagekirundikirundi_Sports

Total CAF Champions League : Aigle Noir izohura na Gormahia

Imigwi isangiye kano karere ka CECAFA niyo igiye guhura muri Total CAF Champions league.

Kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 21 Mukakaro umwaka wa 2019, niho ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru muri Africa CAF ryashira ahabona ukuntu imigwi izohura mu mahiganwa ya Total CAF Champions league hamwe na Total CAF confederation Cup.

Umugwi Aigle Noir watomboye guhura na Gormahia yo mugihugu ca Kenya muri Total CAF Champions league mu gihe umugwi Rukinzo Fc uzoserukira Uburundi mu mahiganwa ya Total CAF Champions nawo watomboye guhura na Triangle Fc wo mu gihugu ca Zimbabwe .

Inkino zo gutangura zizoba hagati y’igenekerezo rya 9 na 11 ukwezi kwa Myandagaro nayo izo gusubiriza zikazoba hagati y’amagenekerezo ya 23 na 25 Myandagaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871