homepagekirundikirundi_Sports

Total CAF Champions league : Aigle Noir yaraye inganije na Gor Mahia

Umugwi Aigle Noir The Fighter vyawunaniye gutsindira i Bujumbura Gor Mahia .

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 11 Myandagaro umwaka wa 2019 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Intwari niho umugwi Aigle Noir the Fighters wari waramutse wakiriye umugwi Gor Mahia wo mu gihugu ca Kenya mu rukino rwa Africa rwa Champions league, urwo rukino rukaba rwarangiye imigwi yompi inganije 0-0.

Umugwi wa Gor Mahia wabonetse y’uko wasubiye inyuma cane kuko Aigle Noir yarawusatiriye bimwe bikomeye ariko ibura amahirwe yo kuwutsinda iminota 90 irangira imigwi yompi inganije 0-0.

Hamabavu y’urwp rukino rwa Aigle Noir, umugwi w’abaporisi b’i Burundi nawo ariwo Rukinzo warakinye urukino rwawo rwa mbere rwa CAF Confederation Cup hariya muri Zimbabwe n’umugwi wa Triangle United birangira utsinzwe ibitsindo 5-0.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871