homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Ubu nibwo butumwa Benjamin yashikirije abamugwanya

Uwusanzwe atwara umugwi Vital’o Fc biciye mu mategeko Benjamin Bikorimana yahaye ubutumwa bukomeye abo avuga y’uko ari akagwi kamugwanya.

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 21 umwaka wa 2019, Benjamin Bikorimana abicishije ku rubuga ngurukana bumenyi bwa Facebook yifpurije Pasika nziza abo basangiye imirimo na cane cane umugwi Vital’o Fc ibihe uriko uracamwo akamenyesha y’uko abakinyi n’abakunzi bazojabuka amarembe .

Akaba yagize ati : “Twashaka dufate kano kanya ko kwipfuriza Pasika Nziza abo dusangiye imirimo na cane cane umugwi wa Vital’o Fc ku bihe bitoroshe uriko uracamwo nkamenyesha abakinyi n’abakunzi ko tuzojabuka amarembe. Tukamenyesha ko inyuma yo kwirukana abakinyi batatu bakabura ababakira n’abobagaburira kubera bari bitavye inama y’akagwi gatoya kiyitirira Vital’o Fc tugasaba n’abandi ko bojijuka bave inyuma y’ako kagwi atakindi karota atari gusambura umugwi Vital’o FC”.

Mukamenya y’uko hamaze gushingwa iyindi komite itwara Vital’o Fc irongowe na Djamal Seifu na bagenzi biwe aho bavuga y’uko Benjamin Bikorimana atakiri umurongozi w’uyo mugwi Vital’o Fc ufise amateka adasanzwe mu mupira w’amaguru mu Burundi. Yamara Benjamin Bikorimana wewe ivyo aravyamirira kure mbere akaba yabwiye Indundi Sports y’uko urubanza ruri mu minwe y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bakirindiriye ikizovamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871