homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Ubu nibwo buzima bwa Chebby Brandon

Uburundi ni igihugu gifise abakinyi bakina i Buraya batari bake kandi bafise ingabirano zidasanzwe.

Uno musi dushaka tuvuge kuvyerekeye ubuzima bw’umukinyi w’Umurundi asanzwe akina mu bwongereza yitwa Chebby Brandon.

Chebby Brandon n’umurundi asanzwe afise imyaka 18 y’amavuko yavukiye mu gihugu c’Ubwongereza se wiwe ni umurundi akaba yitwa Ndayishimiye Chebby Warren mugihe Nyina wiwe ari umuzungukazi w’umwongereza.

Chebby Brandon akaba yatanguye gukina umupira w’amaguru mu gihugu c’ubwongereza afise imyaka 6 mu mugwi wigenga witwa Sky blue yakina nk’umukinyi wo kuruhande aho naho akaba yahakinye ikiringo c’imyaka 6. Inyuma yaho umugwi Eastleight Fc waciye umutora , amaze gukwiza imyaka 12 inyuma yaho Southamthon yaciye imugura imushira mu mugwi wabo akina inkino zitandukanye n’imigwi yo mu cicaro cambere mu bwongereza mu kiringo c’umwaka umwe.

Inyuma yaho Umugwi wa Southamthon waciye umurekura , abona kwerekeza mu mugwi Portsmouth naho amara amezi 8 , aca agenda atera imbere buke buke. Mu mugwi wa Eistleight akaba yawukinyemwo nk’umukinyi wo Ku ruhande rw’ibubampfu yarize ibintu bitari bike mbere aranatsinda n’ibitsindo vyinshi .

Chebby Brandon akaba yaratwaye n’ibikombe bigera kuri bine ari kumwe na Eistleight , akaba yarakinye n’ihiganwa ryaba Tipo aratsinda igitsindo catumye Umugwi wiwe utwara igikombe .

Akaba yaratowe nk’umwe mu basatirizi bafise ibitsindo vyinshi , yagumye akura ageze mu myaka 16 canke 17 baciye bamuha Bourse y’amashure kugira abandanye amashure yiwe, ico gihe cose yakina nk’umukinyi wo kuruhande bita Elier Gauche, Chebby akaba yarakinye imyaka itari mike mw’ihiganwa ryitwa Youth Alliance ihiganwa ryaciyemwo abakinyi bakomakomeye .

Inyuma yo guhabwa Bourse yo kwiga Chebby Brandon yarabandanije amashure gushika aho aronka urupapuro rw’umutsindo Diplome muvya Sports iri kurwerwo rugira gatatu (niveaux 3).

Zimwe mungabirano yemera cane n’inguvu asanzwe afise bita Endurance hamwe na Physic , ashobora gukina igihe kirekire atarushe , akaba yemera igihagararo ciwe . Iyo ahuye n’abandi bakinyi akoresha inguvu ziwe n’ico gihagararo , inyuma yivyo asanzwe anyaruka cane mugihe aba ari mu kibuga .

Mu mezi atano gusa amaze muri uyo mugwi wa Stone ham akina nk’umusatirizi wo hagati .

Chebby Brandon yashoboye guhamagarwa no mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 amara amezi abiri ari mu mwiherero na bagenziwe , akaba yarigeze no kujana na bagenzi biwe b’intamb z’abatarenza imyaka 20 muri Lusaka i Zambia igihe bariko barondere itike yo kwitabira inkino za CAN U 20 yabereye muri Niger mu mwaka wa 2018, ariko kubwo amahirwe make yararwaye ntiyashoboye kwitabira urukino rwo gusubiriza rwabahuje na Zambia ariko Umugwi w’intamba z’abtarenza imyaka 20 waciye uronka amahirwe yo kwirabira CAN U 20 yabereye muri Niger .

Bimwe mu bintu akunda ni ugukora imyimenyerezo ari wenyene no kuja muri Gym akunda kuraba cane abakinyi basanzwe bakina nko kumwanya akinamwo kugira abashe kuronka ubumenyi buhagije .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871