kirundi_Sports

# Indundi Sports | Uburundi bugiye gutunganya ihiganwa rya Volleybeach ry’akarere ka gatanu ku bakuze

 

Ishirahamwe rya Volleyball ryo mu Burundi rirongowe na Général de Brigade de Police Serges Ntakavura rigiye gutunganya ihiganwa rya Volleybeach ry’abakuze ( Senior) ry’a karere ka gatanu ( Zone 5) .

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 08 Kigarama 2022 isaha cumi n’imwe z’umugoroba 17h kuri le Flamboyant , aho uwurongoye ishirahamwe rya Volleyball mu Burundi Général Serges Ntakavura yari aramutse akorana ikiganiro n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubamenyesha ko bagiye gutunganya ihiganwa rya Volleyball Beach rya karere kagatanu ( Zone 5).

Uwurongoye Ishirahamwe rya Volleyball mu Burundi Général de Brigade Serges Ntakavura avuga ko bivanye nuko mu kwezi kwa Ruheshi baheruka gutunganya neza ihiganwa rya Volleybeach Ku batarenza imyaka 19 akarere ka 5 kaciye gahitamwo ko Uburundi abe aribwo butunganya izo nkino z’abakuze .

 

Iryo higanwa rizotangura igenekerezo rya 20 gushika kurya 24 Kigarama 2022 ahitwa muri Petit Bassam . Uburundi bukazoserukirwa n’imigwi 3 ku bagabo hamwe n’iyindi 3 ku bagore nkuko vyashikirijwe n’uwurongoye Volleyball mu Burundi .

Ibihugu bitazokwitabira iryo higanwa ni Somalia , Ethiopia, Érythée hamwe na Djibouti .

 

Uwari aserukiye ishirahamwe Brarudi rizofata mu mugongo iryo higanwa yavuze ko Brarundi intumbero ifise ari ni uguteza imbere inkino akaba ari nayo mpamvu bitavye akamo babicishije ku kinyobwa cabo Viva .

Mwomenyako iryo higanwa ryateguwe mu ntumbero yo kurondera imigwi izoja mu mahiganwa rya Jeux Olympic azobera mu Bufaransa mu mwaka 2024.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 275