BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-b arasohora amasanamu y’indirimbo Mon Amour

Mu gihe hari hakiri impari ku mafaranga Sat-b azorihisha muri listening party, uwo muririmvyi yasutsemwo amavuta muri uwo muriro abafana bari bacanye.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram na Facebook, Sat-b yasangije abamukurikirana Video aho yumvikanishije ko umwanya n’umwanya agiye gushira ahabona Indirimbo nshasha.

Iyo ndirimbo vyabonetse ko izoba ifise amasanamu meza, ikaba itatangajwe akazina kayo, ariko wumvirije amajwi y’indirimbo atangura, bikaba bishoboka ko ari indirimbo Mon Amour iboneka mu rukurikirane Hello Africa uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona.

Iyo ndirimbo iramutse isohorewe amasanamu ikaba izoba ibaye indirimbo ya 2 ikorewe amasanamu muri urwo rukurikirane ruheruka gushirwa ahabona muri uku kwezi kwa 11.

Iyo ndirimbo bikaba biboneka ko irindiranywe igishika cinshi, kuko ukubitije akajisho muri comment, abafana bose bari maso, ngo sibo babona iyo ndirimbo irashizwe ahabona.

Naho abatari bake bayirindiranye igishika, hari abandi bo bari bipfuza ko uwo muririmvyi yari gukora amasanamu y’izindi Atari iyo ndirimbo Mon Amour.

Iyo ndirimbo ikaba ije iri mu gitigiri c’izindi zitari nke zirindiranywe igishika cinshi n’abafana b’umuziki wa hano iwacu, aho tukavuga nk’iya Big Fizzo yitezwe kuba Ari Rap, umudiho uwo muririmvyi akoresha mu gushikiriza akari ku mutima.

Iyo ndirimbo nkuko nari nababwiye ko izoba ibaye iya 2 asohoreye Amasanamu, iya mbere mbere ari nayo yanyuma yaheruka gukorera amasanamu ikaba Ari Indirimbo Utamu yakoranye n’umukunzi wiwe Belle Nice. Iyo ndirimbo uno musi ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 1,400,000 ku rubuga rwa Sat-b, mu gihe kingana n’amezi ariko arababa 3 gusa ishizwe ahabona. Urubuga rwa YouTube rwa Sat-b rukaba arirwo rwa mbere mu baririmvyi rukurikiranwa n’abatari bake, kuko afise abarenga 180,000 bamukurikirana.

Iyo ndirimbo rero ikaba ishobora kuba nayo iri mu gitigiri c’izitezweko kuronka Views nyinshi cane gusumba, ubona ko amasanamu uwo muririmvyi agize igihe akora Ari meza cane.

Iyo ndirimbo Utamu yakoranye na Belle Nice akaba aza mu Kibanza ca 3 mu ndirimbo zimaze gukurikiranwa cane kuri urwo rubuga rwiwe. Iya mbere ikaba Ari Beautiful yakoranye na Meddy ifise Imiliyoni 4, hagakurikira Hug me yakoranye na Otilw Brown ifise 1,300,000. Mu Kibanza ca 3 haza Utamu, hagakurikira Feel Love imaze imyaka 5, noneho Love ikaza me Kibanza ca 5. Izo zikaba arizo ndirimbo 5 zifise Views zirenga 1,000,000 kuri YouTube ya Sat-b.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 772