kirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Uburundi bugiye kwakira ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ku bagore

Igihugu c’Uburundi catewe iteka kugira kizokwakire ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ku ruhande rw’abigeme ku ncuro igira kabiri ( Tour Cycliste Féminin International du Burundi).

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Gitugutu 2022 isaha zine zo mugitondo (10h) kuri Martha Hotel , niho uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’urukino rwo gusiganwa ku makinga mu Burundi Arnoud Patrick Iryumugabo yari aramutse akoranya abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubasigurira ingene bagiye gutegura ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ry’abigeme.

Arnaud Patrick arongoye iryo shirahamwe ryo gusiganwa ku makinga akaba yavuze y’uko bahisemwo guhitamwo Uburundi kibe arico gihugu gitegura iryo higanwa kugira kize gitange intererano yaco mu kuronka abagishigikira ku mugabane wa Africa ku bijanye na Cylclisme.

Ico gice ca kabiri c’ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ( 2 ème Tour) kizoba citabiriwe n’ibihugu bigera kuri 9 harimwo Egypt , Côté d’ivoire hamwe na Bénin.

Arnoud Patrick Iryumugabo yasubiye kandi avuga y’uko ivyo bikorwa bizoba bitewe iteka ku rwego rukuru rw’igihugu n’abarongoye igihugu ngo barabibasavye ko bobatera iteka, ikindi ni uko ku rwego rwa Africa uwutwara Conféderation africaine de Cyclisme akongera akaba n’icegera ca Union Cycliste international nawe nyene azoba yateye iteka iryo higanwa ryo gusiganwa ku makinga.

Abakinyi n’abazoba babaherekeje bazotangura kwakirwa ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 22 Gitugutu 2022 , hama igenekerezo rya 23 naho bace bakora inama yo kubasigurira amategeko azoranga iryo higanwa ( Réunion Téchnique) .

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 24 Gutugutu 2022 , niho iryo higanwa rizotangura, rikazotangurira mu gisagara ca Bujumbura aho bazohiganwa ku birometero 50.

Mwomenyako iryo higanwa ku ncuro yaryo ya kabiri rizorangira igenekerezo rya 29 Gitugutu 2022 i Gitega.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 635