abakinyi bakina hanzehomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Uburundi bugiye kwakira inkino za tennis z’abakenyezi | Amadorari 25, 000$ niyo azogabura abazotsinda

 

Igihugu c’Uburundi kigiye kwakira inkino za Tennis z’abakenyezi babigize umwuga zitiriwe izina rya World tour Tennis W 25 Bujumbura .

Hari ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 13 Ntwarante 2023 isaha icenda (15h00) kuri Entente Sportif i Bujumbura , aho uwurongoye ishirahamwe ry’urukino rwa tennis mu Burundi Nibigirwe Gilbert yari aramutse akoranya abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubasigurira y’uko Uburundi bugiye kwakira ihiganwa Mpuzamakungu ry’abakenyezi babigize umwuga bagera kw’i 120 .

Gilbert akaba yaraye avuze ko hamaze kwiyandikisha abashika kuri 500 , ariko muri abo bazohitamwo gusa 120 bivanye n’uko iryo higanwa rizotanga amanota ku rutonde rwa tennis yo kw’isi yose .

Amafaranga agera kuri 25,000$ y’amadorari y’amanyamerika niyo azogabura abazotsinda , ariko bakazoyagabura mu mice ibiri , umuce wa mbere hazokina umwe umwe Simple dame) , uwundi muce hakine babiri ( Double Dame) .

Abakinyi b’abarundikazi bitezwe muri ayo mahiganwa ni Nahimana Sada yabigize umwuga muri kino gihe ari muri America ( USA) hamwe n’uwundi murundikazi akinira mu gihigu ca Uganda Hosiane Kitambala .

Mwomenya ko iryo higanwa rizotangura kw’igenekerezo rya 04 gushika igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2023 .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 840