BurundiAlfredo FrojoArsenalChelseafeatured diasporafeatured sporthomepageInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

U Burundi bushobora kubura Elvis Kamusoba

“Agakecuru gahishije ntikabura abuzukuru”. Umukinyi w’Umurundi akina mu gihugu ca Australia Elvis kamsoba, igihugu ciwe c’amavukiro gishobora ku mubura umwanya numwanya.

Mu kiganiro gito Elvis Kamsoba yagiraniye na Indundi Sports kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma umwaka wa 2019, yaganiriye indundi sports ko igihugu ca Australia kimaze kumwegera kugira bavugane ingene yogikinira.

Elvis arongera akavuga ko yipfuza gukinira umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba, ariko ari nkahamwe ico gihugu coramuka kimuhaye ayo mahirwe atakabuza yogikinira.

Bamwe mu bakunzi b’intamba mu rugamba bakaba bariko basaba abasanzwe barongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ko borondera ivyangombwa, n’ivyankenerwa uwo mukinyi w’imyaka 23 kugira igihugu ca Australia ntikimutware.

Mwomenya ko Kamsoba ari umusatirizi akomeye cane w’umugwi Melbourne Victory ukina mu cicaro ca mbere muri Australia , akanashobora kugira ikintu kinini cane yofasha umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba, na cane cane mu rukino ruzobahuza na Gabon.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 879