homepagekirundikirundi_Sports

Uburundi bwagumye mu kibanza ca 151 muri FIFA

Kuri uyu wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 19 Kigarama 2019, ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryaratanze ukungene imigwi igenda isumbasumbanya amanota kw’isi. Uburundi bukaba bwagumye mu kibanza ca 151 busanzwe bwarimwo mu kwezi guheze kwa Munyonyo.

Ibindi bihugu twegeranye dusangiye akarere ka EAC nk’Ubuganda tubusanga mu kibanza ca 77, Kenya tuyisanga mu kibanza ca 106, Urwanda rugafata ikibanza ca 131, Tanzania nayo ikaba yafashe ikibanza ca 134.

Tubibutse ko nk’uko vyari bimeze mu kwezi guheze kwa Munyonyo, igihugu cafashe ikibanza ca mbere kikaba ari Ububirigi bugakurikirwa n’Ubufaransa buri mu kibanza ca kabiri hanyuma Brezile naco kikaza mu kibanza ca gatau.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871